Théophile Mwongeye yasubijwe iwabo mu Rwanda, inyuma yaho afatiwe agapfungirwa mu ntara ya Kirundo yagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Inyuma y’aho Théophile Mwongeye avugiye ko afise ubutumwa bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, akavuga ko ubwo butumwa yaburungikanywe n’Imana kandi ko azobwihera umukuru w’igihugu ubwiwe bari babiri, yaciye atabwa muri yompi, akaba yarekuwe kuri uwu wa gatanu, igenekerezo rya 23 Rusama aho yari amaze iminsi umunani ari muri yompi, mw’ibohero ryo mu Kirundo, aca asubizwa ubutarariye iwabo, mu gihugu c’Urwanda.
Twobibutsa ko abajejwe agateka ka zina muntu mu ntara ya Kirundo bagumye basaba ko hako uwo muvugabutumwa yogumizwa mw’ibohero, kandi vyaranse ko ashikiriza ubwo butumwa, ko yopfuma arungikirwa ubutungane, akavanwa muri iryo bohero yari apfungiwemwo kure y’umuryango wiwe. Amakuru dukura aho mu Kirundo amenyesha ko icariho c’umushikirizamanza muri iyo ntara yagerageje kugondoza umuvugabutumwa Mwongeye Théophile kugira amubwire ubwo butumwa afitiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ariko aramwankira kuko yavuga ko “Imana yamutegetse kuzobubwira umukuru w’igihugu bari bonyene.”
Mwongeye Théophile umuvugabutumwa wo mw’ishirahamwe ry’amashengero ya Pentecote mu gihugu c’Urwanda, akaba yashikanywe ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda kuri uwu wa gatanu, igihe c’isaha y’icenda n’igice z’umuhingamo, ubutumwa yashaka guha umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yabusubiranye inyuma.