Mw-ijoro ryakeye ryo kuwa 18 rishira iryo kuwa 19 Rusama 2021 ku murwa mukuru wa komine Ndava uri aho bita i Fota hafi y-igihe c-isaha zitanu z-ijoro , haraye hakozwe igitero c-umurwi w-abantu bitwaje ibirwanisho ku kirindiro c-igipolisi kiri hafi y-ibiro vya posita.
Amakuru aturuka aho haraye habereye igitero avuga ko abo bakoze ico gitero babomoye ibiro vy-inyamiramabi OPJ ya komine Ndava bongera baramenagura ibiro vya komiseri w-igipolisi atwara iyo komine ya Ndava. Ayo makuru nyene abandanya amenyesha ko ico gitero camaze ikiringo c-iminota 30. Umupolisi yari kw-izamu ngo yagiye yumva hatanguye kwumvikana urwamo rwinshi rw-amasase nawe nikwo guca ayanyaga ariruka uwo murwi ubandanya umijagira amasase menshi ivyahavuye bituma bitera ubwoba bwinshi abanyagihugu bo mw-ako gace aho baraye ntibuca.
Uhejeje gukora ico gitero, uwo murwi witwaje ibirwanisho uriko usubira inyuma ngo waciye uhura n-umunyagihugu yitwaje igipanga yoba yaragiye kuraba ibiriko biraba yitwa Dismas Ngendakuriyo yaciye araraswa n-uwo murwi aca aritaba Imana ubwo nyene.
Amakuru atangwa n-ubushikiranganji bw-umutekano avuga ko abo bantu bari abasuma batatu bitwaje inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalachnikov bari baje kwiba kuri posita ya Ndava ariko ngo bahavuye barateshwa n-igipolisi.ubwo bushikiranganji bukamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura.
Tubamenyeshe ko ico gitero caraye kibaye gishitse inyuma y-umutego waheruka gukorwa n-umurwi witwaje ibirwanisho mu ntara ya Muramvya aho ingenzi zariko ziriyunguruza zigera kuri 13 zahasize ubuzima. Ikindi ico gitero caraye kibaye kigize gatatu mw-iyo ntara ya Mwaro . Aho kuwa 4 Ndamukiza, urugo rw-uwutwara umugambwe CNDD-FDD muri komine Rusaka rwaterwa mu nyuma hagasiga ubuzima umwana n-umukozi b-iyo ndongozi y-umugambwe uri k-ubutegetsi. Mw-ijoro ryo kuwa 16 Ndamukiza muri komine Rusaka, umurwi w-abitwaje ibirwanisho warakoze igitero wica abantu 8.