NEWS

Muyinga : Umusirikare n’umuporisi bafashwe n’iperereza

By

on

Abajejwe igendereza mu ntara ya Muyinga bafashe umusirikare umwe hamwe n’umuporisi nyene, bompi bagirizwa urupfu rw’umunyagihugu umwe wo muri iyo ntara yishwe mu kwezi kwa Ruheshi uwu mwaka turimwo.

Abo bafashwe bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Muyinga, mu matohoza ariko akorwa ku rupfu rw’uwo munyagihugu.

Amakuru dukura aho mu ntara ya Muyinga avuga ko uwo musirikare n’uwo muporisi boba kandi bakorana n’umurwi w’abagizi ba nabi bahungabanya umutekano muri iyo ntara.

Recommended for you