Thursday, June 8, 2023
HomeNewsMuyinga: Umukuru w'inama nkenguzamateka asaba ba musitanteri kuboha abo bose bivye amahera...

Muyinga: Umukuru w’inama nkenguzamateka asaba ba musitanteri kuboha abo bose bivye amahera ya Koperative Sangwe.

Umukuru w’inama nkenguzamateka asaba  ba musitanteri b’amakomine agize intara ya Muyinga kuboha abanywanyi b’amakoperative SANGWE bivye amafaranga y’ingurane bari bahawe ngo biteze imbere ku mitumba iwabo. Bagasabwa kuyariha vuba bwango atagisabwe. Ako kamo Emmanuel NSINZOHAGERA yagateye mu biganiro yagiranye mw’iy’indwi turiko tusozera n’abarongoye ubuzi  hamwe abarongoye intwaro mu ntara yose ya Muyinga.Image

NSINZOHAGERA ati :«… arya ni amafaranga y’igihugu. Amafaranga y’igihugu ntaribwa . Arya ni amafaranga ya komine, burya ni ubutunzi bwa komine si amafaranga yo ku mutumba. Arya ni amafaranga ya Komine ategerezwa kuzoba recouvré akegeranywa akazosubira mu kigega ca komine . Nico gituma nyakubahwa Musitanteri utegerezwa gukwirikirana arya mafaranga , amakoperative yariye arya mafaranga mugashira kw’ikamba bakariha arya mafaranga»

Tubamenyeshe mu ntara ya Muyinga , amakoperative SANGWE yaronkejwe ingurane y’iterambere arenga amajana abiri. Menshi muri ayo akaba atagifise umutahe w’imiriyoni cumi zatangwa kuri buri mutumba.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...