NEWS

Muyinga : Umugabo yazize umugore bari bicaranye

By

on

NDAYIZEYE Zakariya, umugabo yari asanzwe afise ubunywero ku musozi Kijumbura, zone Masaka, komine Giteranyi, intara ya Muyinga yaraye yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa mungu, ahitanwe n’ubuhiri yakubiswe ku mutwe n’uwitwa HABIMANA Pascal yamusanze kuri ubwo bunywero.

Intango ya vyose, hari nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, aho uwo HABIMANA Pascal yaja mu bunywero bwa NDAYIZEYE Zakariya, amusanga yicaranye n’umugore wiwe bari basanzwe batabanye neza, abo bagabo bompi bakaba bikekana gutwarana abakenyezi.

Mu gihe NDAYIZEYE Zakariya yariko asangira inzoga n’uwo mugore, HABIMANA Pascal yahitanye ubuhiri abumukubita ku mutwe, akaba yacikaniye ku bitaro bito vya zone Masaka.

Uwakoze ico caha yaciye afatwa nk’uko vyemezwa na Florida Nduwayezu, Musitanteri wa komine Giteranyi.

Uwo mugore Nsengiyumva Jeanine yaciye afatwa atwarwa gupfungirwa ku gasho k’igiporisi k’i Ruzo, mu ntumbero y’ukumukingira.

Recommended for you