Monday, March 27, 2023
HomeNewsMuyinga: Bamwe muba ˮAdventiste‟ bo ku musi w-indwi baguma baja ahatazwi bavuga...

Muyinga: Bamwe muba ˮAdventiste‟ bo ku musi w-indwi baguma baja ahatazwi bavuga ko bagiye kurorera Yesu.

Igitigiri kitaramenyekana neza c-abiyonkoye kw-ishengero ry-aba ˮabadventiste‟ bo ku musi w-indwi I Muyinga baramaze kugenda ahantu hatazwi neza bavuga ko bagiye kurorererayo Yesu/Yezu.Eglise Adventiste du 7e Jour à Calavi Temple: Philadelphie - Home | Facebook

Kubw-amakuru ava mu ntara ya Muyinga, nuko abagenda baboneka cane mu makomine ya Muyinga , Buhinyuza na Giteranyi. Abana ngo baraheba amashule, ingo zikugarwa mbere bamwe bagaheba n-akazi ka Leta.
Abarongoye iryo shengero mw-iyo ntara bamenyesha ko mu nyigisho zabo atavyo kuja kurorera Yesu/Yezu bigera bigisha. Buramatari w-iyo ntara Jean-Claude Barutwanayo amenyesha ko ayo makuru ataco ayaziko ko gusa agire ace ayatohoza.

Must Read