NEWS

Muyinga : Abikekwa ko badandaza umubiri bahagaritswe

By

on

Abantu 90 bahagaritswe mu gitondo ko kuri uwu wa gatatu n’abajejwe umutekano i Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu c’Uburundi.

Benshi muri abo bahagaritswe ni ba ntahonikora basega, abana bo mw’ibarabara hamwe n’abakekwa ko badandaza umubiri.

Firipo NKERAMIHIGO, Musitanteri wa komine Muyinga yasiguye ko ihagarikwa ry’abo bantu rifise intumbero y’ukurwanya ingeso y’ukwiyerereza.

Yongeye amenyesha ko gushika mu mpera z’ukwezi kwa Ruhuhuma ata wusegereza canke abiyerereza bazoba basigaye i Muyinga.

Uwo mukuru wa komine Muyinga yabandanije amenyesha ko abana bo mw’ibarabara bazorungikwa muhira iwabo, nayo abagore bakekwako ubumaraya bakurikiranwe n’ubutungane.

Bamwe mu bahagaritswe kuri uwu wa gatatu biyamirije ako karenganyo bakavuga ko bahagaritswe ata cemeza ko ari abadandaza umubiri.

Recommended for you