NEWS

Muyinga : Abanyamahanga bane barimwo n’umuzungukazi bafatiwe ku butaka bw’Uburundi

By

on

Abagabo batatu bafise ubwenegihugu bw’Ubuganda, bari kumwe n’umuzungukazi umwe wo mu gihugu ca Australie nibo bafashwe n’igiporisi gikorera ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, ku ruhande rwa komine Giteranyi, intara ya Muyinga.

Nk’uko igiporisi gikorera ku rubibe kibimenyesha, abo bannyamahanga bane bariko biyunguruza bakoresheje ubwato, barengana uruhande rwo mu Rwanda binjira ku ruhande rw’Uburundi batabifitiye uruhusha, aba arikwo gufatwa n’igiporisi c’Uburundi.

Abo banyamahanga basiguriye abajejwe umutekano ko bariko batembera mu kiyaga Rweru ku ruhande rw’Urwanda, ko batigeze bamenya ko barenze urubibe binjira mu Burundi. Nk’uko abo bafashwe babandanya babisigura, nta kimenyetso na kimwe ceberetse ko barenze uruhande rw’Urwanda bari baje bavamwo.

Inyuma y’ugufatwa, baciye bajanwa gupfungirwa mu gasho k’igiporisi i Muynga, ariko kuva mu gatondo ko kuri uwu wa mbere akaba atawuzi iyo bungururijwe.

Amakuru atangwa n’abegereye igiporisi c’i Muyinga avuga ko amatohoza akomeye yoba ariko arakorwa kugira bamenye ico abo banyamahanga bari baje gukora mu Burundi bavuye mu Rwanda.

Imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda ntiyifashe neza kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Uburundi bwagiriza Urwanda ko rukorana n’abahungabanya umutekano w’Uburundi, ko rwigisha ibirwanisho abatera Uburundi, kandi ko rwakiriye rwongera rukorana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.