NEWS

Mutimbuzi: Umusirikare W’Igihugu Yaragandaguwe N’abantu Bitwaje Ibigwanisho.

on

Muri commune Mutimbuzi y’Intara ya Bujumbura, benshi bakunze kwita Bujumbura Rural, harabaye ukwumvikana akw’amasasu mu gace ka Warubondo mw’ijoro ryo kuwa gatanu itariki 11 Myandagareo 2017. Abasirikare bo mw’ikambi ya Gatumba bakaba baguye mu mutego w’ abantu bitwaje ibigwanisho. Amakuru ava I gatumba akaba amenyesha ko umusirikare umwe w’igihugu yahasize ubuzima maze umwe nawe arakomereka.

Inyuma y’iyo mpanuka ibabaje, abaserukizi b’intwaro muri commune Mutimbuzi hamwe n’abaserukiye ikambi ya gisirikare ya Gatumba baciye bishikira I warubondo kugira bayage n’abanyagihugu bo mwako gace kari ku mupaka uburundi buhana na Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.
Abo bategetsi bakaba bagiye batwaye ‘ubutumwa bukaze bwo kugabisha.

Abo baserukira abanyagihugu bakaba basavye abanyagihugu mwako gace ‘kwivangura n’abantu bitwaje ibigwanisho baza bava mu gihugu ca Kongo baje guhungabanya umutekano’. Abanyagihugu bamwe bamwe bakaba mbere baragirijwe kuba bakorana n’abo bantu bitwaje ibigwanisho, maze bakaba ‘baragabishijwe ko mu gihe impanuka nkiyo yosubira gushika, hofatwa ingingo zikomeye’.

Nkuko abihweza ibintu n’ibindi na cane cane abaharanira agateka ka zina muntu babivuga, ukwo gufatira abantu bose hamwe ko bakorana n’imigwi y’abitwaje ibigwanisho kurashobora kuvamwo akaga, ko nyabuna abajejwe umutekano bohangana n’abarwanyi kuko abanyagihugu bobo nabo nyene hari igihe barwa mwivyo bitero batari bavyiteze.

Recommended for you