NEWS

Mutimbuzi : Umukuru w’inama mpanuzwajambo yagandaguwe

on

Umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi, Phocas BAKAZA, yagandaguwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu. Abamugandaguye bamusanze mu Kajaga aho yari, bamurasa amasasu aca yitaba Imana aho nyene.

phoca

Mu gihe yagira atahe, ava aho yari hatari kure y’umuhana wiwe uri mu Kajaga, Phocas BAKAZA asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe CNDD FDD yatewe n’abantu bitwaje ibirwanisho bamugandaguye.

Phocas BAKAZA uwo yagandaguwe, niwe yahora aramutswa inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi, akaba kandi ariwe yari nyene ubunywero buri mu Kajaga ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, aho benshi bazi kw’izina rya Black and White.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.