NEWS

Mutimbuzi : Abitwaje ibirwanisho banyuruje abantu umunani

on

Abantu umunani nibo banyurujwe n’umurwi w’abitwaje ibirwasho, bose bakaba banyurujwe kuri uwu w’Imana mu karere ka Kigwati ya 1 na Kigwati ya 2 muri zone Rukaramu, muri komine Mutimbuzi (intara ya Bujumbura benshi bita rural). Abo bantu bitwaje ibirwanisho barivye kandi ibifungugwa mu mazu y’ubudandaji.

poli

Abajejwe intwaro bamenyesha ko 5 muri 8 banyurujwe bashoboye kubacika, nk’uko vyemezwa na Jean Pierre Ndayishimiye yatowe ku rwego rwo ku Mutumba yaganiriye n’abo bantu. Avuga ko afatiye kuvyo abo bantu bamubwiye, uwo mugwi wari ugizwe n’abantu bari hagati ya 20 na 30. Bamwe bari bafise inkoho, abandi ibipanga, ishoka, hamwe n’amasuka. Bari bambaye impuzu za gisirikare niz’igiporisi.

Abajejwe intwaro bamenyesha ko uwo mugwi wajanye inzira yo mw’ishamba cimeza rya Rukoko baca bajabuka uruzi Rusizi barengera mu gihugu ca Congo.

Recommended for you