NEWS

Mutakura : Abantu batatu bishwe barashwe

By

on

Abantu batatu baraye bishwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha umunani n’iminota 20 muri karitiye ya Mutakura, zone Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi bavuga ko abo bishwe ari abasuma barashwe n’abasirikare bakorera ku kirindiro co ku Mutakura.
Nk’uko mu giporisi babandanya babishikiriza, abo barashwe bariko biba ku ngo ziri ku Mutakura, kw’ibarabara rya gatandatu hamwe no kw’ibarabara ry’indwi.

Babiri muri abo bagabo batatu bishwe bamenyekanye. Ni uwitwa NZOKIRANTEVYE Evariste hamwe na NDUWABIKE Lambert. Abo babiri bafatanwe imbugita hamwe n’igikoresho bifashisha mu kwugurura imiryango.

Abanyagihugu bo muri karitiye ya Mutakura bamaze iminsi bidogera abasuma bitwaje imipanga babategera bakabiba, canke bakabuguruza ku mihana iwabo. Abo banyagihugu basaba ko abajejwe umutekano bokomeza ibikorwa vy’ugukizura, cane cane mw’ijoro ahaba hari umwijima, kuko n’amatara yo ku mabarabara atagikora.

Recommended for you