NEWS

Mutabazi: ‘Ico nokora ca mbere ni guhindura ubutegetsi bwo mu Rwanda’.

on

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Iwacu, umukuru ajejwe gukinga ihonyabwoko, Jean de Dieu Mutabazi, yamenyesheje aho ahagaze ku kibazo c’Uburundi n’Urwanda.

Muri ico kiganiro uwo munyapolitike asanzwe yegereye cane ubutegetsi bw’Uburundi, yavuze ko ari nka hamwe yoba umukuru w’igihugu c’Ubrundi, ico yokwihutira ari guhindura ubutegetsi bw’Urwanda.

Nokora ibishoboka kugira mpindure ubutegetsi bw’i Kigali. Hama ngaha ububasha wa mugwi ujejwe ukuri no kurekuriranira(CVR) kugira ukore igikorwa cawo”, niko Jean de Dieu Mutabazi yabwiye Iwacu.

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda ntiyifashe neza kuva mu mwaka wa 2015 aho ivyo bihugu vyompi vyagirizanya gushaka guhungabanya umutekano w’ikindi.

Ibihugu vyompi vy’Urwanda n’Uburundi birahakana vyivuye inyuma ibirego vyagrizanya.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply