NEWS

Mutabazi avuga ko ingoro za CNL zisamburwa n’imvura

on

Umukuru w’umugambwe RADEBU akongera akaba no muri leta y’Uburundi, Jean De Dieu Mutabazi, amenyesha ko isamburwa ry’ingoro z’umugambwe CNL bivana nuko izo nyubakwa zisamburwa n’inkukura y’imvura.

Zimwe mu ngoro z’umugambwe CNL zihitanwa ni nkukura, bagaca bashikuza“, Jean de Dieu Mutabazi niko yavuze.

Ivyo yabibwiye ikinyamakuru gikorera i Bujumbura, maze aza atandukana n’amakuru azwi ashirwa ahabona nuyo mugambwe ko izo ngoro za CNL zisamburwa n’inkozi z’ikibi.

Ayo majambo ya Jean De Dieu Mutabazi yatumye bamwe bamwe bagira ico bavuze mu gusuzugura ico bashikirije ko kidafashe.

Bakavuga ko umugambwe CNL bitosobanura ko wokwubaka inzu canke ugakoresha inyubakwa zidakomenye ku buryo umuyaga canke ikirura c’imvura cozibomora.

Mwomenya ko umugambwe CNL ubandanya umenyesha ko ingoro zawo zibomorwa n’imbonerakure hamwe n’abandi bantu bo kuri CNDD-FDD bafise ishaka rirenze urugero.

Mukurikirane hano wumve ivyo Jean De Dieu Mutabazi yavuze:

Recommended for you