NEWS

Mutabazi asaba Abarundi bose guhagurukira rimwe barwanye abakoloni.

on

Jean De Dieu Mutabazi arongoye ishirahamwe rijejwe kurwanya ihonyabwoko mu Burundi yamenyesheje aho ahagaze ku majambo aheruka ku menyeshwa n’intumwa y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Smail Chergui.

Iyo ntumwa y’Ubumwe bwa Afrika ikaba yamenyesheje ku wa 14 Ruheshi 2019 imbere y’Inama yy’umutekao ya ONU ko mu Burundi ‘bigicika, kandi ko hakiri ingorane za politike mu Burundi’.

Jean De Dieu Mutabazi akaba yamenyesheje ko amajambo ya Smail Chergui aza ‘acafuza ishuhso y’igihugu c’Uburundi mu makungu’.

Mutabazi akaba yamenyesheje ko Uburundi butakiri ingeramizi ku mahoro n’umutekano mu karerer eka mbere no mw’isi yose.

Mbere n’ibihugu bitari bike muri ONU biremanga ko hari ibintu vyiza bimaze gushikwako kuva mu ntureka za 2015.

Mutabazi akaba ahamagarira abarundi bose  iyo bava bakagera guhaguruka bakiyamiriza imvugo n’amajambo y’abadashaka ineza y’Uburundi abo beshi bita ‘abakoloni bo mu gihe ca none.

Recommended for you