NEWS

Musitanteri yagirizwa gukubita abigeme batambiye umugambwe CNL

on

Ibikorwa vyo guhahahaza abanywanyi b’umugambwe CNL bigeze aho umwansi ashaka. Ubu naho abategetsi baje imbere abandi nibo bariko bahahaza abanywanyi barinduka ba’umugambwe CNL.

Nk’uko bishirwa ahabona na Video yagiye ahabona, Musitanteri wa Commune bwambarangwe, Niyingabiye Fébronie, yarakubise cane abakobwa barindutse amaze baratambira umugambwe CNL wa Agthon Rwasa.

Abo bigeme uko ari batatu barakubiswe cane n’uwo musitanteri maze ubu bakaba babarizwa mu bitaro kubera ko amagara yabo abakitse.

Umugamwe CNL wa Agathon Rwansa uheruka gusohora itanagazo umenyesha ko utazobnadanya wihanaganira ako gatotezo.

Imbonerakure za CNDD-FDD ziragiriwza cane kuba ziri inyuma y’iryo totezwa ry’abanywanyi barinduka ba CNL.

Ariko ikibabaje nuko na bamwe mu bategetsi bafise ishaka rirenze urugero bakunze kuvugwa muri ivyo bikorwa vyo guhohotera abanywanyi ba CNL.

Recommended for you