NEWS

Musitanteri wa komine Busoni yakozweko igitero

By

on

Marie Claudine HASHAZINKA, Musitanteri wa komine Busoni intara ya Kirundo yacitse kw’icumu mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, mu gitero cakozwe ku modoka yiwe, ariko Imana irakinga.

Mu gihe yariko arataha ava ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo, nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota 15, imodoka yunguruza Marie Claudine HASHAZINKA yaguye mu gitero c’abagizi ba nabi, ku musozi Kamirampfizi, komine Busoni.

Abo bagizi ba nabi barashe amasasu yamaze nk’iminota cumi n’itanu, ariko Imana ikaba yarakinze, uwo Musitanteri ntaco yabaye.

Umwe mu baporisi bacungera umutekano wiwe niwe yakomerekejwe n’amasasu, n’imodoka yariko irabunguruza irafatwa n’amasasu.