NEWS

Museveni Ariyamiriza Ukugwanira Inzego Muri EAC.

on

Mw’ijambo yashikirije mu nama y’Inama Nshingamateka ya Afrika y’Ubuseruko EALA iriko ibera I Kampala mu Buganda nyene kuva ku musi wa kabiri muri iyi ndwi, umukuru w’igihugu ca Uganda akongera akaba ariwe ahagarariye ubu Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko yariyamirije yivuye inyuma ukugwanira ibiti canke inzego zihambaye mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko.

Nk’uko ikinyamakuru c’aho muri Uganda, The Observer kibimenyesha, Umukuru w’igihugu Yoweli Museveni yavuze ivyo ariko aravuga imishwano yabaye inyuma y’itorwa ry’Umuvugizi wa EALA, umunya Rwanda, Martin Ngoga. Museveni akaba yamenyesheje ko aho guta umwanya barwanira ibibanza muri EAC, bakwiye gukora cane kugira Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko ritere imbere.

Kuba hariho umuvugizi canke umunyamabanga w’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko ni kugira vyorohe y’uko EAC ikora neza….igihe uvuze ivyerekeye Afrika y’ubuseruko, uba uriko uvuga abantu usanga hamwe basangiye imico canke bahuzwa na kahise”, niko Museveni yamenyesheje.

Martin Ngoga

Ayo majambo ya Museveni aje atumbereye na cane cane Leta y’Uburundi na Tanzaniya zivuga ko zitemera itorwa rya Martin Ngoga kuba umuvugizi w’Inama Nshingamateka ya Afrika y’Ubseruko mu kwezi guheze, ama Leta avuga ko habaye ukudahuza mw’itorwa ryiwe. Uyo nyene Martin Ngoga niwe yahagaraiye Inama ya EALA guhera ku musi wa kabiri kandi yitabwe n’abategetsi b’Uburundi na Tanzaniya.

Soma kandi: Uburundi Bwaraye Butakaje Ikibanza Co Kuba Umuvugizi w’Inama Nshingamateka ya EAC.

Museveni yamenyesheje igihe yari kumwe na Mugenziwe atwara Kenya, Uhuru Kenyatta ko “Urwanda arirwo rwari rukwiye guhagararira ubuvugizi bw’Inama nshingamateka ya Afrika y’ ubuseruko kubera ko Uburundi bufiseyo umunyabanga wa Afrika y’ubuseruko Liberat Mpfumukeko”.

Mbega impari kw’itorwa rya Martin Ngoga zoza zahera ko uwuhagariye ishirahanwe rya afrika y’Ubuseruko ubu, ariwe Yoweli Kaguta Museveni yatanze umuco ukwiye? Naho kuraba uko Leta y’I Bujumbura hamwe na Leta y’I Dar es Salaam izovyifatamwo…

Recommended for you