Sunday, January 29, 2023
HomeNewsMusenyeri wa Diyoseze ya Gitega asaba CNDD-FDD n’indogozi z’uburundi kwubahiriza agateka ka...

Musenyeri wa Diyoseze ya Gitega asaba CNDD-FDD n’indogozi z’uburundi kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Musenyeri wa Diyoseze katorika ya Gitega asaba indongozi z’umugambwe CNDD-FDD hamwe n’abategetsi b’uburundi baturuka mw’uwo mugambwe kwubahiriza hamwe no guharanira agateka ka zina muntu mu Burundi. Ivyo Musenyeri Bonaventure Nahimana yabivugiye mu masengesho y’imisi itatu yaheruka gutunganywa n’umugambwe CNDD-FDD mu ndwi twaraye dusozereye.

Kubwa Musenyeri Nahimana, indongozi za CNDD-FDD zitegerezwa gukurikizaibikorwa, ivyo zivuga.
¨… ukwemera kwacu gutegerezwa kubonekera mu bikorwa vyacu vya buri musi . Icubahiro n’iteka duha Ikiremwa muntu, caremwe mw’ishusho yayo. Ndabasavye kuzirikana kuri iki civugo canyu ciza. Agateka ka buri mwenegihugu gategerezwa kwubahirizwa mu bijanye n’ubutunzi , ikibano, ubutungane, politike hatarabwe iyo ava, ubwoko bwiwe canke umugambwe aturukamwo,…¨Niko uwo yihebeye Imana yashimangiye avuga.

Yarabandanije agira ico avuze ku bategetsi b’uburundi , imbere y’umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye.
¨Abaserukira abanyagihugu n’abategetsi bategerezwa gushimangira uwo muco wo kwubahiriza abandi. Umuntu uwari we wese ategerezwa kuba mu burenganzira bwiwe , ategerezwa kuronka ivyo afungura, ivyo yambara , akiga, akavurwa kandi akaronka akazi,…¨ Niko musenyeri Nahimana yadondaguye.

Ibirori vyo gusozera ayo masengesho vyabaye kuwa gatandatu w’indwi twasozereye mu gisagara ca Gitega. Maze bukeye bwaho, haca haba ikoraniro risanzwe ry’uwo mugambwe aho havuye hatorwa Cyriaque Nshimirimana aturuka mu ntara ya Ruyigi ngo abe icegera c’umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD ,yasubiriye Joseph Ntakarutima aheruka kuja mu nama nshingamateka y’akarere ka EAC, ari nawe ubu ayirongoye .

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....