NEWS

Musaga:Umuntu Umwe Yahitanywe na Grenade.

on

Umuntu umwe yapfuye mu gitero ca Grenade muri iri joro turangije ryo kumusi wa gatatu itariki 14 Ruheshi 2015 muri Zone Musaga mu Gisagara ca Bujumbura. Iyo grenade ikaba yaturikuye hampande ya parking y’imodoka zija mu Bumanuko bw’igihugu kwibarabara RN 7.

Abanyagihugu baba mwako karere bakamenyesha ko inyuma yo guturika kwa Grenade haciye hakurikira amasasu.

Umuvuguzi w’igipolisi,Pierre Nkurikiye,yamenyesheje ko ivyononekaye ko ari umu chauffeur yishwe niyo grenade hamwe nabandi bantu icenda bakomeretse.Abakoze ico gitero bakaba bataramenyekana.

Zone Musaga ihana urubibe na Bujumbura Rural

Abanyagihugu baba ku Musaga mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko baruhijwe nivyo bitero kandi bagasaba ko ugucungera umutekano vyokomezwa muri iyo zone.

Bakaba kandi bata ikosa kuri REGIDESO kubera ugucikagurika kw’umuyagankuba maze inkozi zibibi zikika mu mwijima.Bakaba basaba ko REGIDESO yotanga umuyagankuba ukwiye kugira Quartier ya Musaga igume ibona ata mwijima.

Mu gihe quartier ya Musaga ikaba izwi ko yagize cane uruhara mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,ubu haravugwa ko nabanywanyi ba CNDD-FDD,cane cane imbonerakure,banyuruzwa hama bakaburirwa irengero.

Recommended for you