NEWS

Musaga : Gerenade yatewe ku kirindiro c’igiporisi

By

on

Umuntu ataramenyekana yateye Gerenade ahari ikirindiro c’abaporisi kiri muri zone ya Musaga, igisagara ca Bujumbura, aho benshi bita kuri OTRACO.

Abanyagihugu begereye ahatewe iyo Gerenade bamenyesha ko bayumvise iturika nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu z’ijoro, ikaba yakurikiwe n’amasasu yarashwe n’abaporisi.

Gushika ubu mu giporisi bavuga ko ivyononekaye bitaramenyekana, mu gatondo ko kuri uwu wa kane hakaba hazindutse abaporisi benshi hafi y’ahatewe iyo Gerenade.

Ibikorwa vy’ugusaka vyakozwe kw’ibarabara rya gatanu, muri karitiye ya Kinanira ya mbere, ariko akaba ata kirwanisho cafashwe.

Abantu barenga icumi nibo bafashwe muri iryo sakwa, mu nyuma bakaba barekuwe.

Recommended for you