NEWS

Musaga : Abantu icenda bariwe n’imbwa

on

Abantu icenda nibo bakomeretse bariwe n’imbwa isara yariko iriyerereza mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, kw’ibarabara rya mbere rya zone Musaga, igisagara ca Bujumbura.

Abaporisi baranyarutse gutabara, iyo mbwa ikaba yaciye yicwa irashwe, abo bantu bakomeretse nabo batwarwa kwa muganga.

Abandi bantu bane barakomerekejwe nyene n’imbwa mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, ku musozi Munanira ya mbere, zone Rutegama, intara ya Muramvya. Iyo mbwa yarakomerekeje kandi inka zibiri, abanyagihugu b’aho mu Rutegama baracarondera iyo mbwa isara kugira bayice ntibandanye gukora ibara.

Mu giporisi basaba abatunze imbwa ko boza barazikurikira, bazicandagishe kandi bazivuze mu gihe zirwaye.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply