Thursday, June 8, 2023
HomeNewsMuramvya: Urwaruka rurenga 30 rwarahagaritswe ruri mu muduga rwiketswe ko rugiye mu...

Muramvya: Urwaruka rurenga 30 rwarahagaritswe ruri mu muduga rwiketswe ko rugiye mu barwanyi.

Urwaruka rugera kuri 34 rwarahagaritswe kuwa gatandatu w-indwi iheze muri komine Rutegama, ni mu ntara ya Muramvya. Rukaba rufungiwe  mu kibanza kitazwi gushika ubu.May be an image of text that says 'Nsg 18/09/2019 13:32'

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi, Abo bahagaritswe bari mu miduga ibiri yunguruza abantu. Bakaba bari bavuye mu ntara ya Makamba  nkuko amasoko atandukanye abivuga. Abajejwe intwaro hamwe n-igipolisi  nibo babahagaritse.

ˮBashitse mu Rutegama , hanyuma abajejwe intwaro harimwo na musitanteri barabategereye  barabahagarika‟  Niko vyemezwa n-ababibonye . Iyo miyabaga irenga 30 yari yambayaye impuzu zisanzwe za gisivire  ariko biketswe ko boba bari bagiye mu mirwi y-abitwaje ibirwanisho.

ˮTwabwiwe ko abadereva b-imodokari barimwo aribo babavuze  inyuma yo kubikeka ‟  Niko vyemezwa  n-isoko ryo mu Rutegama. Gushika ubu, ikibanza abo bayabaga bajanywemwo ntikiramenyekana . Abajejwe intwaro harimwo na Musitanteri w-iyo komine ya Rutegama ntaco bashima kugira ico bavuze kw-iryo hagarikwa ry-iyo miyabaga.

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...