Urwaruka rugera kuri 34 rwarahagaritswe kuwa gatandatu w-indwi iheze muri komine Rutegama, ni mu ntara ya Muramvya. Rukaba rufungiwe mu kibanza kitazwi gushika ubu.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi, Abo bahagaritswe bari mu miduga ibiri yunguruza abantu. Bakaba bari bavuye mu ntara ya Makamba nkuko amasoko atandukanye abivuga. Abajejwe intwaro hamwe n-igipolisi nibo babahagaritse.
ˮBashitse mu Rutegama , hanyuma abajejwe intwaro harimwo na musitanteri barabategereye barabahagarika‟ Niko vyemezwa n-ababibonye . Iyo miyabaga irenga 30 yari yambayaye impuzu zisanzwe za gisivire ariko biketswe ko boba bari bagiye mu mirwi y-abitwaje ibirwanisho.
ˮTwabwiwe ko abadereva b-imodokari barimwo aribo babavuze inyuma yo kubikeka ‟ Niko vyemezwa n-isoko ryo mu Rutegama. Gushika ubu, ikibanza abo bayabaga bajanywemwo ntikiramenyekana . Abajejwe intwaro harimwo na Musitanteri w-iyo komine ya Rutegama ntaco bashima kugira ico bavuze kw-iryo hagarikwa ry-iyo miyabaga.