Intambara hagati y-igisirikare c-uburundi hamwe n-umurwi w-abitwaje ibirwanisho utaramenyekana zaradutse mw-ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu muri komine Bukeye mu ntara ya Muramvya
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi , hari igihe c-isaha zitatu z-ijoro kuri uyu wa gatandatu aho abasirikare bari mu bikorwa vyo gukizura maze baca barwa mu mutego w-abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana. Vyabereye ku mutumba Rurarenda-Rwatsinda muri komine Bukeye mw-ishamba cimeza rya Kibira.
Kubw-ayo makuru nyene, umusirikare umwe yarapfuye hamwe n-abandi batatu bakomeretse cane harimwo umunyagihugu umwe. Ayo makuru aremezwa kandi na Venant Nzokira , arongoye zone Rwatsinda.
Tubamenyeshe ko kuri uyu wa gatanu w-iy-indwi yaraye irangiye, intambara zaravuzwe kandi aho nyene mu kibira hagati y-abasirikare n-umurwi w-abantu witwaje ibirwanisho. Ibiharuro vyatanzwe n-abajejwe intwaro bivuga abarwanyi babiri bishwe , inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Kalashnikov zarafashwe hamwe n-amasase menshi.
Haraciye ikiringo c-indwi zibiri zirenga , umusirikare umwe w-ipete rya colonel hamwe n-uwumugendanira barishwe igihe bari mu bikorwa vya gisirikare muri Komine Bukeye , ku ruhande rw-ishamba cimeza rya Kibira.