NEWS

Umunyeshure yiga muri Kaminuza ayoboka RWASA Agathon arafunzwe.

on

Eliya BIZABISHAKA, umunyeshure wo muri Kaminuza, umuyoboke wa Rwasa Agathon yungururijwe mu gasho k’igiporisi i Muramvya kuva kuri uwu wa gatatu. Yari yafashwe n’abakozi b’igendereza kuri uwu wa mbere.

Uwo munyeshure yari yafatiwe mu bukeye, mu ntara ya Muramvya, atabwa muri yompi n’abakozi b’igendereza. Mu giporisi ntibaramenyesha ico yagirizwa.

Abayoboke ba Rwasa Agathon mu ntara ya Muramvya bariyamiriza ifatwa ry’agasakisaki rikorerwa abayoboka uwo mukuru w’umugambwe FNL atemewe n’ubutegetsi, akaba kandi icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka.

Recommended for you