NEWS

Muramvya : Umugore yishwe akubiswe ubuhiri

By

on

Paresina HARERIMANA, umugore yahora aba ku musozi Bupfunda, komine Rutegama, intara ya Muramvya yishwe akibiswe ubuhiri, mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere.

Abajejwe intwaro muri komine Rutegama bamenyesha ko uwo mugore yishwe n’umugabo wiwe, amwagiriza ko arenga ibigo, kandi ko yibungenze inda y’uwundi mugabo.

Mu giporisi bavuga ko uwo mugabo ahejeje kwica umugore wiwe yaciye ahunga, akaba ariko araronderwa.

Recommended for you