NEWS

Muramvya : Umugore w’imyaka 40 yatowe ikiziga

By

on

Abanyagihugu bari bagiye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere mu mirima baserutse ku kiziga c’umugore, uwo muntu yishwe akaba yamenyekanye.

Ni umugore azwi kw’izina rya Janvière Ntakarutimana w’imyaka 40, ikiziga ciwe kikaba catowe mu mirima y’ibitoke, ku musozi Camumanda, komine Rutegama, intara ya Muramvya.

Nk’uko vyaboneka, uwo mugore yishwe anizwe, abajejwe intwaro muri iyo komine bakamenyesha ko yishwe n’abagizi ba nabi bataramenyekana.

Abajejwe intwaro muri iyo komine bemeza kandi ko biboneka ko uwo mugore yabanje gufatwa ku nguvu imbere y’uko yicwa. Amatohoza akaba yatanguye.

Recommended for you