Mw-ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu rishira kuw-imana k-umusozi wa Munanira,uri muri komine Rutegama, intara ya Muramvya haraye hakozwe umutego w-abantu bitwaje ibirwanisho ku ngenzi zari mu miduga ziriko ziyunguruza.
Nk-uko bimenyeshwa n-abacitse kw-icumu mw-ico gitero bavuga ko cari gikomeye , Abo bitwaje ibirwanisho babanje gutambika amabuye manini mw-ibarabara rya kaburimbo, mu nyuma abatwara imodokari zibiri zo mu bwoko bwa Hiace hamwe na Probox bariko bashaka gusimba ku nguvu ayo mabuye, izo modoka zaciye ziturirwa ubwo nyene . Abari murizo nka bose bazihiririyemwo hama abarokotse nabo barakomeretse cane kuko hari abagiye bararaswa bariko bariruka barondera aho bokwinyegeza.
Gushika ubu abamaze kumenyekana ko bahasize ubuzima ni abantu 17 hamwe n-abarenga cumi bakomeretse cane ubu bari mu bitaro bitandukanye vy-intara za Muramvya na Gitega. Gushika ubu ,abategetsi b-uburundi ntaco barashima kugira ico bavuga kinini kw-ico gitero caraye gikozwe mw-iyo ntara ya Muramvya. Mu bushikiranganji bw-umutekano bamenyesha ko ari ˮigitero c-abakora iterabwoba cakozwe caka ubuzima abantu hamwe n-abakomeretse bari mu miduga yo kwiyunguruza‟
Tubamenyeshe ko ata kiringo c-ukwezi cari kihaciye hakozwe mw-iyo ntara ya Muramvya igitero nk-ico aho mw-ijoro ryo kuwa 9 Rusama hafi yok u murwa mukuru w-iyo nyara umurwi w-abitwaje ibirwanisho wakoze umutego uhitana abantu 12 hamwe n-abakomeretse batari bake.