NEWS

Mukike : Uwutwara Imbonerakure yacitse kw’icumu mu gitero

on

Umukuru w’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD muri Mukike, intara ya Bujumbura yacitse kw’icumu mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, inyuma y’uguhakwa kugandagurwa n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana.

Didier Sindakira asanzwe ariwe arongoye Imbonerakure za CNDD FDD mu karere ka Rukina, yari atashe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu igihe yahura n’abantu bitwaje ibirwanisho bamurashe. Ayo masasu yarashwe yamukomerekeje ku kuguru.

mbones

Ivyo bibaye inyuma y’aho abajejwe intwaro z’ibanze babiri basanzwe bakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD mu ntara za Bururi na Makamba biciwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri ushira uwa gatatu, bompi bakaka bishwe barashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye.

Adrien MUDOMO yahoze arongoye umutumba kuva mu 2010 gushika mu 2015 yishwe n’amasasu yarashwe n’abagizi ba nabi ku musozi Mubira, zone Nyagasasa, komine Mugamba, intara ya Bururi.

Uwugira kabiri yagandaguwe kuri uwo munsi nyene mu ntara ya Makamba, ni Pascal KAZUNGU, umwe muri batanu batowe ku mosozi Mbizi muri komine Kibago, intara ya Makamba.
Abamwishe bari abantu bitwaje ibirwanisho bamurashe, bakaba bahejeje kumugandagura baciye batungwa n’ayo bameze.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply