Fri. Jan 17th, 2020

Mugina : Umutama w’imyaka 73 yishwe atewe gerenade

Umutama w’imyaka 73 yaraye yishwe n’abantu bataramenyekana bamuteye igerenade. Hari nk’igihe c’isaha zine n’igice z’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri rishira uwa gatatu, aho umutama Leopord Ntahonshikiye yasohoka hanze agiye kwihagarika, muri uwo mwanya nyene, abagizi ba nabi bari bikinze iruhande y’urugo rwiwe bamutera gerenade.

Uwo mutama yaciye yitaba Imana aho nyene imbere y’inzu yiwe, iri muri komine Mugina, intara ya Cibitoke.

mugi

Amakuru ava muri komine Mugina akaba avuga ko uwo mutama Leopord Ntahonshikiye yoba yazize amatati y’amatongo, abandi nabo bakavuga ko yoba yahowe ukumwikekako uburozi, na rirya mu babanyi biwe hari abaheruka kubura umwana.

Abajejwe intwaro muri komine Mugina bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura, ikiziga ca Leopord Ntahonshikiye kikaba caciye gitwarwa kw’ivuriro rya Rubirizi mu kurindira ibizova mu matohoza y’igiporisi.