Abishe babikira batatu muri commune kamenge inkota ntirasubira mu rwubati kuko bivurwa ko hari umugambi wo kugandagura umurongozi wa RPA Bob Rugurika hamwe n’abasanzwe barongoye amashirahamwe adakiranira inyungu za Politique.
Tubibutse ko uwo mugambi wari wavuzwe ko waguye mu mazi aho barekura uwo asanzwe arongoye RPA BOB Rugurika, bakaba bashatse kumumanukana mw’ijoro rya 18 ruhuhuma ariko aranka. Mu kiganiro yatanze yaranamenyesheje ko banashatse kubikora bakimudugana i Muramvya ariko naho nyene biranka kubera abantu bari bamaze kubimenya.