NEWS

Mu mezi abiri gusa abasirikare 20 b’Abarundi muri Somalia barishwe!

on

Mu kiringo kidashika n’amezi abiri, abasirikare b’Abarundi bari muri wa mugambi wo kubungabunga amahoro mu gihugu ca Somalia, AMISOM, abasirikare b’Abarundi bashika ku 20 barishwe.

Izo mpfu zose zabaye kuri abo bene Burundi zikaba umenga zabaye mu gacarere ntangere kubera ko leta ata na kimwe yigeze izivugako.

Ku basirikare bishwe ku wa gatandatu w’indwi iheze bashika kuri 14, leta y’Uburundi canke iradiyo y’igihugu RTNB ntibigeze bagira ico babivuzeko ahubwo ni agacerere gusa.

Amakuru ashirwa ahobona yerekana ko abasirikare bashika kuri 13 bapfiriye muri Somalia ku musi wa gatandatu w’indwi iheze ku wa 14 Nyakanga 2019 bashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura ejo ku musi wa gatatu, vyose mu gacarere natangere.

Abatavuga rumwe na leta bamwe bawe barabona ko leta ataco iriko ikora ngo ifashe abasirikare b’Abarundi bajanwa kuri Somalia.

Bamwe mu banegura leta kuri izo mpfu bakanamenyesha mbere ko leta ataco ikora kugira ngo ikinge izo mpfu.

Impamvu nyamukuru ikaba ari uko abo basirikare bajanwa muri Somalia bavanwa mu Burundi badahamwe ibikoresho bikwiye vyo kurwanya uwansi igihe batewe n’umwansi,niko bamwe bamwe mu banegura leta y’i Gitega bavuga.

UBM News ikaba ihojeje imiryango yabuze ababo muri AMISOM Somalia.

 

Recommended for you