Akenshi kugirango wunvirizwe cane n’abanyagihugu, nuko haba hariho ibintu vyingirakamaro uvuga bityo bigaca bituma abanyagihugu bipfuza guhora bakunviriza buri kanya, Mu Burundi rero naho abamenyeshamakuru bakora kuma Radio hamwe no kumboneshakure bagenda bararutana aho usanga bamwe bunvirizwa cane kurusha abandi.
Bamwe mubakurikiranira hafi ibibera mu Burundi bashize ahagaragara urutonde rw’abamenyeshamakuru bo mu Burundi bakora mu guteza imbere umuziki uko barutana mu kunvirizwa n’abanyagihugu barenga i millioni 10 baba mu Burundi ( 10.000.000 Million )
Kw’isonga haza batatu :
1 DAVY CARMEL ( BONESHA FM )
Mubiganiro vyiwe nka AKIWACU n’ibindi yitaho cane indirimbo zo hakurya y’amazi, abaririmvyi bo muburundi atirengagiza ni DJ PRINCE, OVERDO TEAM, REDEMPTION VOICE, LEILLA,…
2 CHRISTIAN NSAVYE ( RADIO ISANGANIRO )
Mubiganiro vyiwe nka : UBURUNDI BURARIMBA n’ibindi, aha ikibanza kinini indirimbo zirimwo ubutumwa ( engagé ) canke iz’akaranga.
Abaririmvyi yitaho ni nka bose kandi abahurizako n’abandi bamenyeshamakuru bose ( STEVEN SOGO, LION STORY,…)
3 ISMAIL NIYONKURU ( REMA FM )
Mubiganiro vyiwe nka : CANAGMUKA aha ikibanza kinini indirimbo z’igiswahili hama muz’uburundi, avuza indirimbo zazindi nyene, abaririmvyi babindi nyene : SAT-B, YOYA, HAPPY FAMBA, KEBBY, DJ PRO, BLACK-G, LOLILO…
Ikizira kuri we n’indirimbo za FIZZO ikindi naco kuri ISMAIL nuko ashobora guhinduka no kumuririmvyi bari bafitaniye ubucuti bigatuma nabo afasha batamukunda.
Abandi bamenyeshamakuru bumvirizwa cane inyuma yabo batatu ni
1 JOJO PAPARAZI ( BONESHA FM )
2 INNOCENT VALENTIN ( RPA )
3 JEAN PAUL ( NDERAGAKURA )
4 ALAIN NOVA ( CULTURE )
Abandi bumvirizwa cane naho amaradiyo bakorerako adashika kure :
1 DJ RAPHAN ( SALAMA )
2 KIVODO ( RFM )
3 FRANCK ESPOIR ( RENAISSANCE FM )
Ibiganiro vyumvirizwa cane biha akaryo umuziki w’uburundi :
1 JANDA JANDA ca MUKULUKULU kuri REMA FM ( 60% )
2 ZINDUKA ca PATRICK PAGGIO na KIGINGI kuri RADIO TEN ( 30% )
3 KUMUHORORO ca ALAIN NOVA kuri RADIO CULTURE ( 70% )
Amaradiyo yumvirizwa cane kandi aha akaryo umuziki w’uburundi :
1 RFM ( BUJUMBURA ) ( 70% )
2 RADIO TEN ( BUJUMBURA ) ( 50% )
3 R. CULTURE ( BUJUMBURA ) ( 70% )
4 C.C.I.B FM+ ( BUJUMBURA ) ( 40% )
5 UMUCO FM ( NGOZI ) ( 50% )
6 HUMURIZA FM ( GITEGA ) ( 50% )
7 RPA NGOZI ( NGOZI ) ( 50% )
8 STAR FM ( MAKAMBA ) ( 50% )
9 R. COLOMBE ( BUJUMBURA ) ( 50% ) N’izindi…
Abaririmvyi bafise ingabirano ariko babuze promotion ikwiye kumaradiyo yose :
ASHLEY, WAWA, PIM, SAMANDARI, MASODJA YERO YERO, S D LE PYGME, N-JOHN, OLIVER NAY, PIM, PETER NIYO, FAB LOVE, MAGIC SOLDIER, DAUPHIN, CHRIS AND JUNIOR N’bandi benshi tutarinze kuvuga
Abaririmvyi bagize amahirwe yo kumenyekana iyo basohoye indirimbo idapf’ubusa kandi ata mumenyeshamakuru abafata uko yishakiye :
KIDUM, FIZZO, LOLILO, LION STORY, SAT-B, YOYA, SPOK’S, RALLY JOE, MKOMBOZI, T-MAX, PEACE AND LOVE, EMERY SUN, INDIMU, THE COUSIN, FRANCK G8O, SAL-G , MATABARO, YVAN MUZIKA, 19TH N’abandi…
Icitonderwa : Uru rutonde ntabwo ari UBM News twarukoze ahubwo bamwe mubakurikiranira hafi ibibera mu Burundi nibo bakoze buno bushakashatsi.