Sunday, March 26, 2023
HomeNewsMu gihe CNDD-FDD yigina 'intsinzi kuri ONU', ikindi cegeranyo cagiye ahabona

Mu gihe CNDD-FDD yigina ‘intsinzi kuri ONU’, ikindi cegeranyo cagiye ahabona

Mu gihe umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, uriko wigina instinzi kuri ONU, hari ikindi cegeranyo casohowe n’ikigo IDHB cerakana ko naho mu Burundi ibintu bisa n’ibimeze neza, hari abarundi bagihohoterwa.

Ejo ku mugoroba, Nancy Ninette Mutoni avugira CNDD-FDD yavuze ko kubona Uburundi bwarakuwe ku rutonde rwa ‘politike’ rwa ONU rwo kwigwako ari ‘ icerekana neza ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryatahuye ukuri ko Uburundi buhagaze neza mu bijanye n’amahoro n’umutekano’.

Nancy yabandanije avuga ko ‘hari intambwe ishimishije Reta Mvyeyi Reta Nkozi ishikanyeko Abarundi mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu nk’uko Abarundi n’incuti z’Uburundi badasiba kubishikiriza’

Naho, umugambwe CNDD-FDD wakiriye iyo ngingo nk’intsinzi, l’Initiative pour les droits humains au Burundi(IDHB) yasohoye icegeranyo cerekana abamaze guhohterwa nk’uko ytubikesha ikiganiro iyo IDHB yahaye iradiyo y’abadagi, DW.

Nk’uko IDHB ibishira ahabona, imbonerakure za CNDD-FDD nubu ziracatungwa agatoki ko zihohotera abatavuga rumwe na reta ya CNDD-FDD eka mbere n’abatari muri uyo mugambwe.

IDHB ikavuga ko reta y’Uburundi yoraba ikarengutsa urwaruka rwa CNDD-FDD, Imbonerakure kugira zicirwe urubanza hisunzwe amategeko mpuzamakungu.

Mwokwibuka ko umukuru w’igihugu aheruka gutera akamo avuga ko aboba bafise umugambi wo guhungabanya reta mbere naho boba bari muri CNDD-FDD bazokwibonerako.

Must Read