Umuririnvyi amenyekana cane w’umurundi aba hano muri Leta zunze ubumwe za America ( Mt Number One ) igikorwa camujanye mu Burundi co kuguruza ” Indonyi Record ” gikomeje gutera imbere nkuko tubibona muramwe mu mapica agaragaza iyo Studio yo guhinyanyuriramwo indirimbo.
Ifoto aheruka gushira kubuhinga ngurukanabumenyi yanezereje benshi ndetse bamwe bahavuye bagira ico bashikiije biciye muvyiyunviro vyabo ( Comment ) aho imwe muri commeny yatanzwe yavuga kuno : Good job, I see indonyi record and Congr bro Mt number one.