Umuririmvyi w’umurundi aba hano muri Leta zunze ubumwe za America abenshi bazi kwizina rya ” Mt Number One ” avuga ko umuziki w’abarundi udashobora gutera imbere mu gihe indirimbo zose zisohowe n’abaririmvyi uzisanga kuri Internet bazitangiye k’ubuntu.
Ivyo rero akaba yabivuze mu gihe yariko araganira n’Ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gisomwa n’abarundi benshi gikorera muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” aho ubwiwe abona ko ibintu vyari bikwiye guhinduka kugirango umuziki ukomeze gutera imbere.
Mt Number One yagize ati : Aba promoter hamwe n’abaririmvyi babarundi aho turi hose haba mu Burundi canke mu mahanga, Twakagomvye kumenya ko indirimbo zose dusohoye zidakwiye kwitwa iza promotion gusa. Hariho indirimbo za promotion nizindi zo kuduteza imbere ( kudandazwa) ivyo mbivuze kubera ko haba mu ba super star, aba star, underground, indirimbo yose isohotse ishika kuri internet na nyeneyo atarayifatira umwanzuro. Ivyo biri mu bizotuma uburundi buguma inyuma muri music kuko umuziki wuburundi nitwe dutuma utagira isoko ( nta muririmvi ashobora kuririmba imyaka 10 ataco arigeza ko kandi aririmba indirimbo ziryoshe, kandi nta muntu numwe azogura umuziki ndundi amafaranga mugihe hariho abaca inyuma bakawutangira ubuntu ngo ni promotion, nta muririmvyi akorerwa promotion ikiringo kirenze umwaka uwo biba vyaramunaniye. ( together we can change ni muze duhe umuziki wacu agaciro bizodufasha.)