NEWS

MSD yandikiye Ikete Antonio Guterres ku Bijanye n’impunzi zo muri Tanzania

on

Mu gihe ikibazo c’impunzi z’Abarundi muri Tanzania kiriko kivurwako vyinshi cane, aba na bariya barabandanya ‘batabariza’ izo mpunzi z’Abarundi zishika hafi 300 000 ziriko zihatwa na leta ya Tanzania ngo ni zitahuke ku nguvu.

Umugambwe MSD ukaba waciye nawo ufata akanya ko kwandikira umunyamabanga wa ONU Antonio Guterres ku bijanye n’ico kibazo c’impunzi z’Abarundi zihanzwe no guhungurwa ku nguvu.

Leta y’Uburundi ikaba imaze kumenyesha ko ayo makuru yo kwirukanwa kw’impunzi atariyo na gato, naho abaharanira agateka ka zina muntu n’impunzi ubwazo bamenyesha ko impunzi z’Abarundi muri Tanznia zirembejwe n’ihimiriza kugira zitahuke ku nguvu.

Ubu ibidandazwa birabujijwe mu makambi na cane cane ikambi ya Mtendeli iri muri District ya kagera bivuye kwitegeko ryubuyobozi bw’iyo kambi.

Recommended for you