Wednesday, March 29, 2023
HomePoliticsMSD itera akamo Perezida Ndayishimiye gushiraho icuka ciza kugira impunzi zitahuke...

MSD itera akamo Perezida Ndayishimiye gushiraho icuka ciza kugira impunzi zitahuke ku bwinshi.

Umugambwe MSD mw-itangazo wasohoye kuri uyu wa mbere utera akamo umukuru w-igihugu c-uburundi ko yarakwiye gufata ingingo zikwiye zohumuriza impunzi  kugira impunzi zitahuke ku bwishi. Uwo mugambwe ubivuze mu gihe Perezida Varisito Ndayishimiye aheruka gusaba impunzi ko zotahuka.Epitace Nshimirimana - 13/04/2017 by MSD BURUNDI

François Nyamoya umunyamabanga mukuru w-uwo  mugambwe ari nawe yateyeko umukono kw-iryo tangazo yibutsa ko impunzi zitahunze umuyaga ariko zahunze amabi zikorerwa n-abakorera ubutegetsi bwa CNDD-FDD.No photo description available.

ˮPerezida Ndayishimiye aramaze kubivuga kuva ashikiriye ubutegetsi , rero kuva aho yabivugiye , impunzi ntizitaha ku bwishi , kubwivyo yarakwiye kwibaza igituma zidataha ku bwinshi kandi yama yazihamagaye. Rero twebwe ico twashatse ku mwibutsa nuko impunzi zitahunze umuyaga zirafise ico zatinye kandi abarundi bose barabizi eka nawene arabizi . Kenshi muri rusangi, izo mpunzi zahunze inzego z-igihugu zibahohotera , na zone zirazwi, ni nk-iperereza,igipolisi, ugaca wongerako imbonerakure. Ico yarakwiye kumenya umukuru w-igihugu nuko kugira impunzi zitahe, si amajambo, ni ibikorwa, nakore ivyo yategerezwa gukora , nafate ingingo yategerezwa gufata kugira impunzi zonyene zumve ko zitekanye. Erega burya impunzi umutekano uri mu mutima! ‟  Niko François Nyamoya avuga.

Must Read