NEWS

Mkapa yoba agiye gushikiriza Museveni ngo nawe atunganye ikibazo c’Uburundi.

on

Mu gihe ibiganiro bihuza Abarundi i Arusha bisa n’ibiriko birarangira, uko biriko biragaraga ni uko umufasha mu Biganiro bihuza Abarundi, Benjaminn Mkapa yoba agiye gutanga imihoho kubera ukunanirwa no kuri iyi ncuro ya gatanu ya leta y’Uburundi yo kutitaba ibiganiro.

Bikaba vyitezwe ko Mkapa azoca ahereza abamukurira na cane cane Yoweli Kaguta Museveni, umuhuza mu biganiro bihuza abarundi.

Benjamin Mkapa(i Bubamfu) igihe yabonana na Yoweri Museveni(i Buryo)

Leta y’Uburundi na CNDD-FDD bakaba batitavye ibiganiro. Mkapa akaba yari yashimye kuvyugurura maze arabandanya leta y’Uburundi itabirimwo. Abatavuga rumwe na leta bakaba basinye ku mategegeko ari mu rupapuro rw’inzira rutegura amatora ya 2020.

Nk’uko Iwacu ibishira ahabona, naho habaye impari nyinshi cane kugira hasinywe ayo mategeko, vyahavuye bisinywa maze bihindurwa ko ari ‘amagirenama yo kuva mu magume‘ bivuye mu ‘rupapuro rw’inzira rw’batavuga rumwe na Leta.

Ibiro vy’umuhuza bikaba vyamenyesheje ko uko bigenda kwose hazoba ibindi biganiro bizoba bihagarariwe na Museveni ariwe muhuzamu biganiro vy’abarundi bizoba bihagarariwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika, nk’uko umukuru wa FRODEBU, Pierre Claver Nahimana, yabivuze.

Recommended for you