NEWS

Mkapa yatumyeko ibiganiro bihuza Abarundi i Arusha.

on

Umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin Mkapa, yatumyeko ibiganiro bindi vyb ku ncuro ya gatanu bihuza Abarundi ku ncuro ya gatanu, bikaba bizobera i Arusha nk’uko vyaheruka kuhabera.

Ayo makuru akaba yashikirijwe n’umuvugizi w’ibiro vy’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi, aho yamenyesheje ko bizosubira kubera i Ngurdoto Hotel kuva ku magenekerezo ya 19-24 Gitugutu,2018.

Ubwo butummwa bwaciye kuri Twitter bukaba bwamenyesheje ko ‘Mkapa yiteze ko Uburundi bwitabira ibiganiro mu mwisanzure ukwiye kandi bihurikiyemwo bose kugira haganirwwe ibibazo vyose vyotumma haba amatora meza ya 2020’.

Ariko rero, naho Mkapa afise ico cizere, aba na bariya siko babibona. Minani Jeremie akaba yamenyesheje ko igihambaye ‘atari ukuganira ku biijanye n’amatora ahubwo ari kuyaga ku bijanye n’ingorane zihanze Uburundi’.

Bikamenywa ko ibiganiro vyaheruka kubera i Arusha mu mwaka uheze ataco vyavuyemwo ahubwo ko zagumye ziba impari hagati ya leta n’abo itavuga rumwe nayo.

Biritezwe kandi cane ko abatavuga rumwe na Leta baba abari mu Burundi canke hanze y’igihugu bazohuriza hamwe mu biganiro vyimirije maze bakumvikana ku vyo basaba n’ivyo bashira imbere, ntibibe nk’uko vyabaye mu biganniro biheruka aho habaye ukwicamwo ibice hagati y’abatavuga rumwe na Leta.

Recommended for you