NEWS

Mkapa yashikirije EAC kugira ibandanye ku kibazo c’Uburundi.

on

Umuvugizi w’uwahora ari umufasha mu biganiro bihuza Abarundi ariwe Benjamin Mkapa, yamenyesheje ko Mkapa yarangije akazi yashinzwe maze aca ashira mu maboko ikibazo c’Uburundi EAC kugira ibandanyirize aho yari agejeje.

Mu majambo Macocha Tembele avugira Mkapa yashize kuri Twitter, yamenyesheje ko ‘Abategetsi ba EAC bagiye kuzoraba bicare bakaraba uko igikorwa co gutorera umuti ikibazo c’Uburundi cobandanya’.

Uwutwara EAC ni Paul Kagame, ari nawe asanzwe afatwa nk’umwansi wa leta y’Uburundi, kandi adafitaniye imigenderanire myiza na leta ya Gitega.

Yoweri Kaguta Museveni, uwuheruka guterana amajambo na Nkurunziza, nawe yagenywe kuba uwujewe ibijanye no gufatana mu nda mu vya politike muri EAC.

None ubwo ikibazo c’Uburndi kizotorerwa umuti gute kandi abari kwisonga muri EAC basanzwe bafitaniye amakimbirane na leta y’Uburundi, aribo Urwanda na Uganda?

Mwibuke ko Ubumwe bwa Afrika, nabwo nyene busanzwe budacana uwaka na Leta y’i Gitega, nabwo bwama busaba ko ikibazo c’Uburundi coja mu minwe yabwo.

Mkapa akaba yipfurije ineza Abarundi mu rugamba bagiye kubandanya rwo kuva mu ntureka zatanguye mu mwaka wa 2015.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply