INTERNATIONAL NEWS

Miguna Miguna Yahagarariye Ibirori Vyo Kurahira kwa Raila Odinga ‘Asabwa Gusubira Gusaba Ubwenegihugu’.

on

Inyuma y’aho umunyamategeko Miguna Miguna yirukaniwe mu gihugu ca Kenya yagirizwa guhagarikira ukurahira kw’uwutavuga rumwe na Leta ya Kenya Raila ODINGA mu birori vyo kwirahiza nk’umukuru w’igihugu, uyo Miguna Miguna yahisemwo kugaruka mu gihugu inyuma yo kwangazwa itariki 7 za Ruhuhuma 2018.

Ariko rero, ejo ku wa 26 Ntwarante 2018, abapolisi bo ku kibuga c’indege ca Kenya barankiye uyo munyamategeko kwinjira mu gihugu ca Kenya inyuma yaho yanse gusaba uruhusha rutangwa kubanyamahanga kugira binjire mu gihugu.

Uyo munyamategeko akaba yasabwe ko yosubira gusaba ubwenegihugu gushasha nk’uko Star Kenya ibishira ahabona. Ico kinyasmakuru kikaba kimenyesha ko Raila Odinga yahavuye ahaseruka kugira ashobore kurekuza uyo Miguna Miguna ku kibuga c’indege kubera ko yasa n’uwafashwe yongera araburabuzwa( raba ifoto), ariko nawe akaba atabikundiwe n’abapolisi.

‘Miguna Miguna yaraburabujwe ku kibuga c’indege'(Star Kenya)

Miguna akaba yari yasabwe n’abategetsi ba Kenya ko yosubira inyuma kubera ko afise impapuro z’inzira zitari iza kenya, maze ategekwa kuja i Dubai nawe aravyanka bisaba ko arara ku kibuga c’indege.

Ubutungane bwo mu gihugu ca Kenya bwatanze itegeko ko uyo munyamategeko asubizwa iteka hamwe n’ibimuranga vy’igihugu ca Kenya ariko abegereye Miguna Miguna bamenyesha ko Reta atavyo irakora. Miguna Miguna yirukanywe mu gihugu ca Kenya yongera yakwa ubwenegihugu bw’ico gihugu inyuma yo kwagirizwa ko yahagarikiye uwutavu garumwe na Reta Raila Odinga mu birori vyo kwirahiza nk’umukuru w’igihugu ca Kenya.

Recommended for you