NEWS

Michel Kafando:’Abegwa bose n’ikibazo c’Uburundi bakwiye kwicara hamwe bakarangiza ingorane zihari’.

on

Intumwa idasanzwe mu Burundi y’umunyamabanga wa ONU, Michel Kafando, yahamagariye abategetsi bose b’Uburundi “gufata akaryo” kabonetse maze babone gushika ku muti urama maze hanoneke ” ubumwe n’amahoro” mu gihugu c’Uburundi.

Ivo Michel kafando akaba yabivuze igihe ejo ku musi wa kane ariko ashikiriza Ijambo Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano aho yamenyesheje ko ashima ibijanye n’urupapuro rw’inzira rwasinywe ku wa 3 Myandagaro 2018 aho abanyapolitike bose bakoranira hamwe bakagira ico bahurizako.

Michel Kafando, Intumwa Idasanzwe ya ONU mu Burundi.

Michel Kafando akaba kandi yarakengurukiye umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Nkurunzia ku ngingo yafashe yo kutitoza mu kindi kiringo mu mwakwa wa 2020, maze amenyeshaho ko yiteguriye “gushigikira cane” uwo ariwe wese azotorwa kuyobora Uburundi ari umukuru w’igihugu mushasha.

Michel Kafando akaba yamenyesheje ko umutekano muri rusangi wifashe neza kuva habaye amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shungiro mku wa 17 Rusama 2018. ” Kuva habaye amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro, uretse ivyo abatavuga rumwe na leta bamenyesheje bitagenda neza, uko ibintu vyifashe mu Burundi vyabandanije neza”, niko Michel Kafando yamenyesheje yongera asaba Leta y’Uburundi “kuba maso”.

Michel Kafando akaba yarangije iryo jambo ahamagarira abategetsi kurangiza neza imyumvikane hagati y’ibiro vyiwe i Bujumbura kugira ngo bishobore “gukora neza mu mimerere myiza”.

Recommended for you