NEWS

Michel Kafando Yoba Yiyamirijwe Nk’Abandi Bamwitangiye Imbere?

on

Intumwa zidasanzwe za ONU mu Burundi zama zihura n’ibibazo bitari bike mu bijanye no gukorana na Leta y’ Uburundi. Aho twovuga nka Saïd Djinnit, umu nya Algeria,hamwe na Abdoulaye Bathily( Senegal) ; abo bose uko bari babiri bakaba basa n’abatashe ‘zirayoye’ mu twigoro twabo two gutorera umuti ikibazo c’Uburundi kubera ko Leta y’i Bujumbura bisa n’ivyananiranye gukorana nabo canke ‘batahuje’ mu yandi majambo.

Ubu naho ni Michel Kafando aramukiwe.Mu myiyerekano yatunganijwe n’umugambwe uri ku butegetsi yabaye mu ndwi iheze ku mus iwa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura yitabwe n’abantu isinzi, harabaye ukwiyamiriza bikaze raporo iheruka gusohoka ya Shebuja wa Michel kafando, ariwe Antonio Guterres, yavuga ko uyo Shebuja wa Michel Kafando adashigikiye na gato ibijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa-shingiro, kubera ko Nomero imwe w’Uburudi ashobora kuguma ku butegetsi iyindi myaka itari mike.

Michel Kafando ari kumwe na Shebuja Antonio Guterres, Umunyamabanga Mukuru wa ONU.

Kubera ko biboneka cane ko mu batereye cane kugira ngo iyo raporo ya Guterres ije ahabona Michel Kafando ashobora kuba yaragize urahara cane, abakora imyiyerekano ntibamwibagiye mu kumwiyamiriza, bavuga ko « igikorwa ca Michel Kafando ataco kimaze ». Kafando akaba yagirijwe « gukora ku bwinyungu z’ibihugu bimwe bimwe vya Buraya », hatibagiwe igihugu c’ububiligi, igihugu cakolonije Uburundi kandi arico cahora gifasha cane Uburundi.

Soma kandi: Antonio Guterres Aragabisha Ku Bijanye N’Ihinyanyurwa Ry’Ibwirizwa-Shingiro.

Biragaragara rero ko Michel Kafando vuba nawe azosezererwa niyaba atamaze gusezererwa. Mu vy’ukuri igikorwa ciwe co kugerageza guhuza ‘intama zazimiye hama zigasubira mu ruhongore’, ni kuvuga impande zibiri zitumvikana( Leta y’Uburundi n’Uruhande rw’abatavuga rumwe nayo rugizwe nabari mu Burundi n’urundi ruri hanze), nticoroshe na gato ku buryo usanga ari nko ‘kwisuka ku risongoye’ ugerageza guhuza impande zibiri zidashaka kwicara hamwe ngo zitorere umuti ingorane zibahanze.

None Michel Kafando kazoza kiwe kagiye kuba akahe mu gikorwa yashinzwe co guhuza impande zibiri zishamiranye ? uko biri kwose si keza kubera ko n’imbere y’uko atangura ayo mabanga, ‘yaragabishijwe ko atokora nk’abamwitangiye imbere adashaka kwibona nawe yasezerewe’. Ubwo yoba agiye kunyaragasa mu maguru masha akaza ‘guhoza uruhande rumwe rubabaye kandi rusa n’urwamwidogeye’ maze abona kubandanya arabwa ryiza na Bujumbura ?N’aho akanya…

Recommended for you