NEWS

Michel Kafando: Uburundi ‘Sico Gihe Co Gukora Amatora Yizewe’.

on

Mu Nama Idasanzwe ya ONU yabaye ejo ku musi wa mbere 26/02/2018, Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi,Michel Kafando, yaravuze ko mu Burundi ‘atari igihe ciza co gukora amatora yizewe’ kubera ko umugambwe uri ku butegetsi uguma uganza vyose mu vya politike, kandi hakaba hadatekanye.

Intumwa idasanzwe ya ONU yabwiye Inama y’umutekano ya ONU ko uko ibintu vyifashe muri politike mu Burundi “atari neza” kandi ko atari ibihe vyiza vyo gukora amatora yizewe. “Abari mu mugambwe uri ku butegetsi gusa hamwe n’iyindi migambwe iri mu kwaha kwawo baremerewe gukora ibikorwa vya politike badatangiriwe”, niko Kafando yavuze ,yongera avuga ko n’ivy’Ubutunzi bitifashe neza na gato kubera intureka za politike,nk’uko AFP ibishira ahabona.

Michel Kafando, Intumwa Idasanzwe ya ONU mu Burundi.

“Uko ibintu vyifashe ntikubereye kugira hatunganywe amatora yizewe na bose”, niko Kafando yamenyesheje. Mu gihe Leta y’I Bujumbura isa niyanse gukora ibiganiro n’abatavuga rumwe nayo, Michel Kafando yamenyesheje ko naho ibijanye n’umutekano vyaryohowe, agateka ka zina muntu kabandanya gahonyangwa mu Burundi.

Vyamaze kuja ahabona ko ONU ya Antonio Guterres na Michel Kafando badashigikiye leta y’i Bujumbura mu twigoro twayo, ariko rero nk’uko bisanzwe Leta y’Uburundi izogira ico yishura, ibishobora gutuma Michel Kafando yiyamirizwa nk’abamwitangiye imbere.

Recommended for you