NEWS

Michel Kafando: ‘Hari ukutizerana hagati ya Leta n’Abatavuga rumwe nayo’.

on

Mw’ijambo Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga wa ONU mu Burundi, ariwe Michel kafando, yaraye amenyesheje ejo ku musi wa gatatu imbere y’Inama Nkuru ya ONU y’Umutekano(UN Security Council)ko mu Burundi hakiri ‘ibitagenda neza na cane cane ko habuze ibiganiro bihurikiyemwo bose kugira intureka mu Burundi zihari zihere’.

Michel kafando yameneysheje ati: “Mu Burundi harabuze ukwizerana n’ibiganiro hagati ya Leta n’abatavuga rumwe nayo kandi arivyo bihambaye kugira haboneke umuti wo gutorera umuti ingorane zibandanya mu Burundi”.

Michel Kafando akaba yamenyesheje ko muri rusangi umutekano mu Burundi wabandanije umeze neza ku rugero runaka mu mezi ashize, ariko ko ugutituka kw’agateka ka zina muntu mu Burundi kubandanya guhagaritse umutima aba na bariya.

Leta y’Uburundi ntirasubira gukorana n’ibiro vya ONU bijejwe agateka akazina muntu. Uguhonyanaga agateka ka zina muntu hamwe n’ayandi mabi, nko gufungira abantu ubusa, ukunyuruza abantu, hamwe n’ibindi bikorwa vy’iterabwoba, birabandanya, nk’uko imvugo z’urwanko zikoreshwa, na cane cane ku batavuga rumwe na Leta y’Uburundi. Ukwishira n’ukwizana, uretse ku migambwe iri mu kwaha kwa Leta y’Uburundi, ntigushemeye na gato“, niko Kafando yamenyesheje.

Kafando akaba yameneysheje kandi ko uko Abarundi babayeho navyo nyene biteye agahinda, aho yamenyesheje ko Abarundui bashika ku muliyioni 1 n’ibihumbi amajana indwi bahanzwe no gufungura nabi.

Kafando akaba yasavye ko ‘ONU, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe nakarere ka Afrika y’Ubuseruko vyokora ibishoboka bigafasha Uburundi kuva mu ngorane zibuhanze’.

Uko biboneka, biragarara ko aya majambo yashikirijwe na Michel Kafando atazoza abonwa neza na leta y’i Bujumbura. Kumbure mbere nawe ashobora gusezererwa nk’uko n’abamwitagiye imbere basezerewe.

Recommended for you