NEWS

Michel Kafando Asaba ‘Ibiganiro Bidakumira’ Mu Burundi.

on

Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi, Michel Kafando, yabwiye abari mu Nama y’umutekano ya ONU biga ku kibazo c’Uburunndi ejo ku musi wa kane, ko mu Burundi hakenewe ‘ibiganiro bidakumira vyihuta n’abatavuga rumwe na leta’ inyuma yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro rishobora gutuma umukuru w’igihugu ahari ubu atwara gushika mu mwaka wa 2034.

Michel Kafando yamenyesheje Inama y’umutekano ya ONU ko ingorane z’Uburundi zishobora gusa gutorerwa umuti biciye mu “biganiro bidakumira”. Akaba yagabishije ko ivyo biganiro bitabaye, abatavuga rumwe na leta kubona banka ivyavuye mu matora “bizokwunyura n’ivyari bisanzwe bihuha mu bijanye n’agateka ka zina muntu hamwe nibijanye n’ikibano n’ubutunzi“.

Inama y’Umutekano ya ONU ikaba yaratumye Ibihugu bitanu vya rutura muri ONU bifise bwa burenganizira bwo kwanka canke kwemeza ingingo muri ONU( Droit de veto) vyigabura ku buryo Amerika, Ubufaransa, Ubwongereza bashigikira Michel Kafando ko ‘hakenewe ibiganiro bidakumira kandi ko haba uguhohotera abatavuga rumwe na Leta mu Burundi‘.

Ibuhugu bindi bibiri arivyo Ubushinwa n’Uburusiya vyamye bigwa inyuma Uburundi vyovyo vyamenyesheje ko ‘Uburundi bufise uburenganzira bwo gukora ivyabwo’, maze uwaserukiye Uburusiya aca asaba ko ‘ikibazo c’Uburndi cokurwa ku rutonde rw’ivyirwa mu Nama y’umutekano ya ONU kuko bitabangamiye amahoro n’umutekana w’akarere n’amakungu’.

Uwuserukira Uburundi muri ONU, Albert shingiro nawe akaba yamenyesheje ko ‘amatora yagenze neza muri rusangi’, maze yiyamiriza ibihugu atavuze amazina bishaka gucanishamwo Abarundi.

Recommended for you