NEWS

Menya vyinshi utaruzi kuri Simeon , umurundi ariko aritoza muri America kuba…..

on

Mu Gihe muri Leta zunze ubumwe za America abarundi bose babayo bimirije gutora indongozi zizobarongora, UBM News duhisemwo kubazanira umwe mu barundi tubona ashoboye cane kandi twizera ko hamwe arinze atorwa hari vyinshi yohindura mu barundi baba muri America, uyo nawe si uyundi ni Simeon Nkunzumwami ari mu bitoza kuzoba umwe mubabitsi ( treasurer ) bazoba bajejwe ubutunzi bwiryo shirahamwe rya BDUSA ” Burundian Diaspora in Usa.

Soma hano Resume yiwe urabe muko imeze ndetse umenye vyinshi utaruzi kuri we.

Simeon, Nkunzumwami
tel: 251-222-8765
nkunsimeon38@gmail.com or nkunzumwamisimeon@yahoo.com
Simeon Nkunzumwami yavutse mu 1990, Komine Rumonge provence Bururi.Abavyeyi ba Simeon ni Pastor Ntarumbana Emmanuel na Nintunze Rosarie.

AMASHURE
Natanguye amashuri y’intango ndi munkambi ya Muyovozi mugihugu ca Tanzaniya. Natanguye mumwaka w’ikiburamwaka mu 1997 Kukigo ca (Rwinyana) Kugeza Mumwaka wa6. Nca Mbandaniriza Secondary Kukigo Ca Lycee de la Lumiere. Kugeza M’Umwaka wa 8 .Kuva ico gihe baciye batwugarira amashure.
Nabandanije n’amashure yanje hano muri America kukigo citwa Lincoln West High School mugisagara ca Cleveland Ohio.
Akaba ariho naronkeye urupapuro gwo kurangiza umwaka wa cumi na kabiri (12) m’umwaka (2012). Narabandanije Amashure yanje,
Ndayabandaniriza kukigo citwa Cuyahoga Community College mugisagara ca Cleveland Ohio mu (2013). Ndahiga Umwaka umwe nigice. Nize ivyigwa vyo Guharura arivyo bita (Accounting m’ururimi gw’Icongereza).
Nimutse mva kukigo ca Cuyahoga Community College nja kukigo ca Gulf Port Mississippi Collage kwigira ivyerekeye Technology mumwaka (2013). Nabandanije kwiga bankoresha n’imyimenyerezo yivyo ndiko nigira. Imyimenyerezo twayikorera kukiyaga aho bubakira Amato. Narakomeje gushitsa 2014, niho naronka ceretifika canke Certificate Mucongereza yo kwemeregwa gukora.

UBUZI NAKOZE
La Borincana Foods (Isoko y’ivyo kudya)vs z w
Nahakoze guhera m’umwaka (2011 – 2012)
Narumwe mubacuruzi. Nakoresha imashini y’amafaranga ,nkongera nkafasha n’abakiriya kuvyo bakeneye kugura. Nyen’Isoko yari yangize uwo kuja kumubikishiriza amafaranga kuri Bank.

Huntington Ingalls Industry
Nahakoze imyaka itanu (5) murikino kigo canke (Ishirahamwe)
Ivyo nakora :”Yari kwunganisha ivyuma vy’Ubwato no kubisena kugirango biringanire.
Nari uwuhagarikiye umugwi nakoramo, nkakwirikirana ivyo bakoze ko atakibazo bishobora kuba bifise canke ataho boba bihenze.
Ntivyahereye aho narabandanije nogukora Akazi ka Contract Mururimi gw’Icongereza; ko Kuzunguruka ibisagara vyose Muri America Vyubakiwemo Amameri,Kugirango Ndabafashe Ivyabagoye Kurangiza.

INDIMI
1. Ururimi gwa kavukire: Ikirundi (Nzi kuruvuga no kugwandika)
2. Ururimi nize: Igiswahili (Nzi kuruvuga no kugwandika)
3. Ururimi nize: Icongereza (Nzi kuruvuga no kugwanduka)

UBURONGOZI

1.Nabaye Umurongozi wa korare guhera munkambi ya Muyovozi ,Tanzania Mumwaka wa 2005 ndakomeza naha muri America.
2.Nabaye n’Umurongozi aserukira abanyeshure; Mumashure Yintango mugisata ca (IRC) Munkambi Ya Muyovozi Tanzania ;Munyigisho zo kugira imyifato Runtu Canke Indero Runtu Kugirango ntibate akaranga k’Igihugu c’Uburundi. Mumwaka wa
(2005 – 2007) Munkambi ya Muyovozi muri Tanzania. Ntivyahereye aho, narabandanije uwo murimo naha Mugihugu ca America.

IBIKORWA NAGIYE NKORA VYO GUFASHA ABARUNDI BAHO MBAYE
.Umusiguzi n’Ivyerekeye ubuzi
Nafashije impunzi nsha zishikira mukarere mbayemwo muburyo bwo kubasigurira ururimi gw’Icongereza nkarusigura m’ururimi gwa kavukire (Ikirundi) no m’ururimi nize (Igiswahili). Mbikora mu mashengero, muma Office, no Kumavuriro. Natanguye kubikora kuva m’umwaka (2013 na bugingo nubu).Nafasha abo vyagora kuronka ubuzi. Nabikoze kuva m’umwaka (2012 – 2018)
.Ikimenyesha Makuru
Nakoranye n’ikimenyesha makuru citwa UBM kirongowe n’uwitwa Nyandwi Eric atuye mugisagara ca Dallas, Texas. Namufasha kwandika inyigisho z’Ugwaruka. Nakoranye nawe umwaka umwe (2011 – 2012).
.Abanyeshure
Nafasha gusigurira. Ibiharuro abanyeshure Mururimi Kavukire (ikirundi) bo guhera m’umwaka wicumi (10) no gushika m’umwaka wa cumi na kabiri (12). Nabikoze imyaka 4 uhereye (2015– 2018).

REFERENCES (ABANZI NEZA MUSHOBORA KUBAZA)

Mr. Fanchon Salukombo
Umwarimu wo kukigo ca Lincoln-West High School kandi akaba Umupastori w’Ikanisa rya Light Mission Pentecostal
fsalukombo@yahoo.com
(216) 323-1927

Mr. Niyungeko Felix
Umwarimu w’Ishengero rya Light Mission Pentecostal akaba ari n’Umurongozi mukuru wa korare (Wake Up) ikukira mission ya Pentecostal muri U.S.A
Nifelix55@yahoo.com
(251) 382-2897

Tukibutsa umurundi wese aba muri USA kuja kuri www.burundiusa.com yiyandikishe kugira aze aronke uburenganzira bwo kwitorera indongozi ashaka. Ikiringo co kwiyandikisha kizorangira kuwa 26/6/2019. Amatora azotangura kuwa 27/6/2019 arangire kuwa 29/6/2019. Ivyavuye mumatora bizotanganzwa icese kuwa 30/6/2019 muri Phoenix Arizona . Musabwe kwiyandikisha mugatora muri benshi Simeon kuko ivyerekeye ubutunzi ” Finance ” arabishoboye cane ikindi twobibutsa nuko Uwiyandikishije gutora wese asabwa kubika ahadata Username na Password vyiwe kuko nivyo azokoresha hageze umusi wogutora. Murakoze!

Recommended for you