Abaririnvyi b’abarundi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America ( Nah ) hamwe na (Nuvo ) nibo kuruwu wagatandatu bazoba barikumwe n’Umuririnvyi rurangiranwa w’Umurundi benshi bazi kwizina rya Kidum mugiteramo kidasanzwe citezwe n’abantu benshi kizobera hano mu gisagara ca Dallas, Texas
Uno muririmvyi Jean Pierre NIMBONA Kidum turavye dusanga ageze kuyindi ntambwe yogutumirwa n’abaririmvyi b’urwaruka mumuziki aho bamushimira cane kubikorwa vyiza akora bigatuma u Burundi buguma bumenyekana kwisi Yose.
Ikinyamakuru ca mbere gikunzwe n’abarundi benshi cane gikorera hano muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” twagerageje kuganira kuri Telephone numwe mururwo rwaruka ruzoha ama AWARDS Kidum aho ( Nah ) mu kiganiro yahaye umunyamakuru wa UBM News yavuze ko ari ikintu gishimishije ndetse ko uno muririnvyi yitezwe n’abantu benshi cane baba hano muri America.
Ino Address ikurikira naho ivyo birori bizobera ( 9750 Walnut St #114 Dallas, TX 75243 ) ikindi naco reka tubibutse ko UBM News uwo musi tuzohishikira tukabazanira vyinshi bizoba vyahabereye uwo munsi.