Wednesday, May 31, 2023
HomeLoveMenya ukuri : Ibintu 4 biri mu vya mbere akenshi bituma abantu...

Menya ukuri : Ibintu 4 biri mu vya mbere akenshi bituma abantu bakundana batandukana

Akenshi burya har’ibintu vyinshi bitandukanye bituma abakundana bashobora gutandukana ndetse mu buryo bwihuse bakaba bashobora no kuba abansi, Muri ivyo harimwo ibifatika ariko kandi hakongera hakabamwo n’ibindi bidafatika, ndetse hari nivyo wokwunva gusa kuri wewe ukabona atarivyo vyotuma abantu batandukana.

abakundana

Gusa rero ntugomba kwiyibagiza ko abantu bakunda kandi bakongera bakanka ibintu bitandukanye, Hariho umuntu usanga we yanka ko bamutuka ugasanga avuga ati: hako wontuka wopfuma unkubita, hariho uwundi yanka gukubitwa we akakubwira ati : wopfuma untuka ivyo ushaka vyose ariko ntuze wigere wihenda ngo unkubite nahahandi ho twobivugana neza.

Hano tugiye kubabwira ibintu 4 bituma abakundana bashobora gutandukana mu gihe gito:

1-Kwama urwanya ivyiyunviro vy’umukunzi wawe ukabona ko ataco bimaze.
2-Kutubaha umukunzi wawe hamwe nokutamwishimira.
3-Kwihagararako mu gihe uri mu makosa ukanka gusaba ikigongwe ndetse ukanka kwemera ko wakoze ikosa.
4-Kudaha agaciro hamwe no kwanka gutahura umukunzi wawe buri gihe cose iyo agize ico agusaba umukorere ukama umuhakanira .

Must Read